Société

Ukwemera n’ukwubaka, igikuru ni ikihe ?

Ukwemera ni ntasubirizwa kugira umubano urame kuri bamwe. Ku bandi ukwemera gufise ikibanza gisanzwe. Ingo zimwe zirasambuka, izindi zigahagararira mu nzira kubera abari bakundanye badasangiye ukwemera. Mu madini menshi bati uwo mudasangiye idini nti mukubakane. Abamaze gutera intambwe y’ugushinga urugo baravuga ko ugutunganirwa mu rugo bitavana n’uko umwe canke uwundi yemera kuko ngo ukubaka kuvana n’umutima w’umuntu.

Hari utubazo umuntu yibaza ku vyerekeye ukwemera n’ukwubaka. Kuko iyo umuntu ahinduye idini urugo rudaca rusambuka. Simvuze ko atazisambuka kubera umwe mububakanye ahinduye idini, ariko mvuze ko hari cane cane iziguma zihagaze. Iyo tuvuze ukwemera, umuntu yotahura nk’akarorero igihe umwe ari muri ekleziya katorika uwundi akaba ari nk’umu porotisanti.
Bamwe bivugira bati  » umwigeme ntagira idini  ». Aho baba bashatse kuvuga ko umuhungu ashobora kuja mw’idini yishakiye kuko umukobwa azoshima naho azoba atari mw’idini nk’iryiwe azoca ahindura akwirikire uno muhungu. Ariko rero, biramaze kugaragara ko hari abigeme barahira bakarengwa kurongorwa n’umusore badasangiye ukwemera. Eka n’abahungu nyene hari abryumako bakagira bati kwubaka n’uwo tudasangiye ukwemera ni umuziro.

Kuki banka kwubakana n’abo batavyumva kumwe ?

Akahise ntikari kure y’ivyo vyiyumviro. Kera hariho imiryango itasabiranira abageni. Nk’akarorero, ugasanga umuryango w’abanyakarama ntushingiranira n’uwabarembe. Aho ivy’amadini biziye rero, ku muzo w’abazungu, abarundi bari muri ekeleziya katolika barigishijwe hisunzwe ibitabu vyeranda ko uwuri muri iryo dini atohirahira ngo yabire uwutari muri ryo. Aba porotisanti bamaze kuza nabo nyene bagize kuno bati umu porotisanti ntakarongore uwutariwe. Kubera ukwo kuntu hari imiryango idashingirana vyari vyoroshe cane ko abarundi babifata nka nkama, gutyo bakirinda gushingirana badasangiye ukwemera na bugingo n’ubu.

Uwo muco hari ico wonona ?

Abantu bamwe bamwe babona ko, kuba abadasangiye ukwemera batubakana, ataco bitwaye. Abandi nabo bavuga ko babibona nk’amacakubiri hamwe n’ihonyangwa ry’agateka k’abigeme. Biciye muri ukwo kuvuga ko umukobwa atagira idini. Si ivyo gusa, mu masezerano abagiye kwubaka urugo bagiriranira imbere y’amategeko ya Leta, ntaho abagomba kwubaka babazwa ko boba basangiye ukwemera. Kanatsinda, hari bamwe bivugira ko babanye neza umwe asengera hamwe uwundi asengera abandi, abandi mbere bakavuga ko ivy’ugusenga babigiyemwo kugira ngo abana bakure bazi Imana, gutyo guhindura aho basengera ataco bibabwiye. Baba aba canke bariya, ntawohakana ko idini rifise uruhara ruhambaye mu mibano, kuko amadini yose y’i Burundi yigisha urukundo hakaba ah’abavyumviriza kwumvira.

Vyoba bitera ingorane kubana mudasangiye idini ?

Kuri bamwe birazitera ariko ku bandi ntaco bitwaye. Ababona ko bitera ikibazo ahanini baba biyumvira ku nzira abana bazofata gutyo bakibaza aho abana bazoheza bagasengera. Ariko ikimaze kugaragara ni uko n’abana naho baba baramenyerejwe gusengera mw’idini kanaka, iyo bageze kwifatira ingingo y’idini basengeramwo, baraheza bagahindura. Baba aba canke bariya, igihambaye mu mubano ni umwumvikano w’abarushinze. Bimeze uko rero, birashoboka cane ko abubatse bashobora kubana neza badasangiye idini, bigaca vyumvikana rero ko gufata ingingo y’uguhagarika umugambi w’ukwubaka hisunzwe ko abareshanije badasangiye idini bidafise ishingiro. Hari abavuga bati mbega mubanye mudasangiye idini mwohezagirwa na nde ? Kuri ico ikibazo, abarongoye amadini bomenya ko umuntu ashatse gushinga urugo, asavye guhezagiranwa n’uwo bagomba kubana atari muri iryo shengero, ata kibi kirimwo nimba koko amadini yose asenga Imana Imwe. Muri ico gihe, ingingo ifata abagomba kubana,kuko muri bo hobwirizwa kuba uwemera kuja guhezagirirwa mw’idini ritari iryiwe.
Kumbure si bose babibona gutyo ariko ikimaze kugaragara, ni uko abamaze kwubaka bishika hakagera igihe bahindura ukwemera kwabo kandi ingo zikabandanya zubatse. Nayo iyo ivyo bibaye, abubatse basabwa kubandanya bubahana kuko ivy’ukwemera n’uburenganzira ntasubirizwa bw’umwe umwe wese ku giti ciwe. Vyoba bibabaje hamwe hoba hari ingo zisambuka kubera umwe mu bubakanye ahinduye idini. Abarongoye amadini nabo nyene barakwiye gutunganya inyigisho ziharije gufasha abo bose bubakanye n’abo badasangiye ukwemera. Ivyo bibaye, umwe wese mu bubakanye yomenya ivyo ajejwe akanubahiriza uwundi mu bijanye n’ukwemera maze ingo zikaba isoko ry’umunezero nk’uko biba vyitezwe n’abantu bakiri mu migambi yo kurushinga.

Laisser un commentaire