Santé

Ukwibaruka : urugamba ruzira agafyinyi

Mu gihe hageze ko imbanyi ivuka canke habaye ukugorana kwayo, umuvyeyi arumva ububabare arico bita « igise » agaheza akaja kw’ivuriro kugira bamufashe kwibaruka. Mbega n’ibiki biheza bikabera muri ka kumba kwo kwibarukiramwo bita « maternitĂ© » mu Gifaransa ?

Kugira umuntu yibungenze aje ku bitaro kurondera umwakirira, biva ku bintu vyinshi: hari aho imbanyi iba igeze ku mezi icenda nk’uko bisanzwe n’ikindi gihe haba habaye ingorane ituma umwana bamukura mu nda ya nyina wiwe igihe biba vyasabwe n’umuganga akwirikirana abakenyezi bibungenze( gynĂ©cologue).

« Mbe mada, iyo mbanyi ni iya kangahe ? »


Ella*, umupfasoni w’imyaka mirongo ibiri nine, aratwiganira uko vyamugendeye umunsi aja kwibaruka imbanyi y’ubwa mbere.

« Igihe c’isaha zitandatu z’ijoro niho nari nryamye numva nshaka kuja mu bwiherero ariko nkumva imisonga myinshi. Uko hahera akanya imisonga ikagenda yiyongera. Niko gutabaza bakantwara igitaraganya ku bitaro. »

Kugira imisonga mu gihimba c’irondoka no gushaka kuja kugira umwanda muto ni bimwe mu bimenyetso vyerekana ko imbanyi igeze kuvuka.
Muri ako kumba, yaba uwaherekeje canke umuvyeyi yinjiyeyo, bose biha icizere ko bagire baronke ikibondo.

Mu marira menshi yabandanije atuganirira ku vyamushikiye amaze gushika kuri iryo vuriro. Yahatswe kuhaburira umwana n’ubuzima bwiwe.
« Kuri ka gatanda gahagurutse utaronka n’aho usegenyereza ngo ukike urubavu kubera uburibwe, niho haza umuganga arambaza ati: ‘ Mbe mada, iyo mbanyi ni iya kangahe ? ‘ Nanje kubera nibaza nti arangiriye ikibabagwe ndamwishurako ari iyambere. Nikwo guheza agahindukira ati ‘ tekana ako ni agafyinyi kagufashe ntiharagera. ‘ Ncumva iryo jambo, umutima wahatswe kuncamwo kubera ububabare nari mfise.
Nikwo guheba nkatekana. Ariko k’uwuzi igise ntawushobora guhisha ububabare bwaco. Hadaciye akanya nza numva kigarutse ari sindamusiga. Sinzi ukuntu harengutse umuganga aca arambona aca araza aramfasha ndibaruka. »

Ubwo bubabare bwoba buhoraho ?

Muganga Peggy* we atumenyesha ko buhoraho ariko bugenda buratandukana uko imibiri itandukanye. Kubwiwe, amenyesha ko imbanyi y’ubwambere ibabaza cane kubera ibihimba vy’irondoka bitaba biraguka bihagije nk’imbanyi igira kabiri canke akarenga. Ntahengeshanya kuvuga ko hariho abakenyezi baja kwibaruka iryambere bikabagora uko bakira ububabare bafise bigatuma habaho kutumvikana hagati y’uwaje kwibaruka n’umuganga. Afatiye kuri ico, Muganga Peggy araduha itandukaniro riri hagati y’abigeme babitura batwaye imbanyi batipfuza n’ababa bubatse biciye mu mategeko. Abigeme bafise inda zitipfujwe usanga aba abapfasoni
mu gihe bagiye kwibaruka. Naho ububabare baba babufise baratekana, ntibashire ukaruru hejuru. Ariko ababa bubatse biciye mu mategeko uyoberwa ko bakoma akaruru kubera ububabare canke baba bashaka guhamagara abagabo babo ngo babatabare bitari bukunde.
Kimwe mu bishoboka, Peggy ahanura abakenyezi y’uko bogerageza kwumviriza impanuro z’abaganga batitaye ku bubabare narirya mugihe avyitwayemwo neza ashobora gutwenga inyuma y’aho yarababaye, n’ikindi gihe hashobora kuvamwo amarira n’imiborogo. Aho ni igihe ubuzima bw’umuntu bushobora kuyongoberana bukaguca mu myanya y’intoke mu gihe witayeho kwumva ububabare utiyumviriye ivyiza biri inyuma y’ubwo bubabare. Ashishikara atubwira ko kenshi bishika ugasanga umwana yitavye Imana canke yarushe ugasanga arahagiriye ingorane nyinshi zitandukanye ndetse n’aho usanga ubuzima bw’umuvyeyi bugiye amazima yongo canke nawe nyene akahakura ingwara yo mu kigo ( fistule) mu gihe hakunze kwibonekeza abakenyezi baza barushe kandi harengeranye kugutinya y’uko abaganga bobaturubika imbere y’uko bibaruka bagahitamwo kubitura barushe cane.

Icokorwa ni uko umukenyezi n’umuganga boganira hakaba gufashanya kuko kwibaruka atari igikorwa c’umwe mukwirinda intambamyi zishobora kuvyuka muri ico gikorwa.

* Amazina yarahinduwe

5 rĂ©flexions au sujet de “Ukwibaruka : urugamba ruzira agafyinyi”

  1. ok birumvikana gusa jewe mpora nibaza nyamba barya bakobwa bifasha mu kwibaruka ndavuga barya bavyara abana bakaca babica nyamba batababara? nyamba bababara naho ? ni gute babihisha kugera aho usanga nabo babana batabimenya?

    J’aime

    1. Niho hahandi twibaza igituma abakenyezi bubatse KO badashiramwo uruhara mugukoma induru kuberabo bafise uwubumvira ikibabarwe! Rero impanuro Ni yayindi, abakenyezi bibukeko kwibaruka Ari ubufatanye n’umuvuzi »

      J’aime

  2. Ngo kwibaruka Ni ububabare bukabije.
    Hari umupfasoni umwe yigeze kunyiganira uko umwana wiwe yahatswe kubura ubuzima kuko ngo umuganga yagumye amubwira ko Ari agafyinyi(ku bubabare yariko aragaragaza) ngo ntiharagera, impamvu: Ni imbanyi yambere.
    Umuganga wundi yamwakiriye yaranashwaniye uwo wambere kuko baciye barinda kumubaga mukumwakira kubw’impamvu zukumutevya.

    Ikibazo Ni iki: (kuwibaruka ubwambere) Ni gute umuganga yomenya ko umubabaro afise kari uwumenyesha ko hageze kwibaruka canke ko Ari kutamenyera uwo mugigwa wo kwibaruka, kugirango ubuzima bw’umuntu ntibuhononekarire!!!!

    J’aime

    1. Ese abaganga wokwakira ububabare bw’abo bavyeyi! Reka twizereko akamo twabateye ko gufashanya kugira ubuzima bw’abo bavyeyi n’abo bariko baribaruka ntibuje mukaga ko kakiriwe!

      J’aime

  3. Murakoze kuri iyo article! Imeze neza vrt! Kandi irahanura cane ariko ndafisakabazo gatoya nobibariza!

    Mwavuze kwinda yiriza (yambere)igora kwibaruka cane nyariryibihimba biba bitararaguka none nka malaya bishitse agatwarinda ubwambere nawe biragorana?

    J’aime

Laisser un commentaire