Musique&Sport

Akamaro n’akanovera k’umuziki wacu vyaroye he?


Kuva na kera umuziki wamye ushira hamwe abarundi kugira bakomeze ubumwe, baganire ndetse harimwo n’ivyigwa hamwe n’impanuro. Mbega umuziki woba ugifise ka kamaro kawo ko hambere ? Uko ukorwa munyandiko vyoba bifise akamaro?

« Ururirimbo kera rwari rufise umutwe, umutumba n’amaguru » : bishikirizwa n’inararibonye Gema, yavyiganira abaririmvyi bo mu runganwe rushasha.  Avuga ko ururirimbo rw’aho hambere rwaba rugizwe n’ubutumwa kanaka kandi bufise ico bugamije guhindura mu mibereho y’abantu. Aho ni muco yise ko ururirimbo mu gusohoka rwaca mw’isuzumwa (censure) kugira ngo bumvirize ko rufise ubutumwa bukwiye. CĂ©dric Bangi yemeza ko babaza agatima nama muvyo baba bashaka kwandika.


Akarorero ni indirimbo « garukira aho ». Canjo Hamisi yaririmvye iyo ndirimbo ahanura ikibondo kuko kitari icumwe. « Ntukangwe n’isi… ivyo bisayangana, biguhuma amaso, biraguhenda. » yahanura urwaruka akoresheje ijambo kibondo kugira ntirukangwe n’amaronko ariyo atuma rurwa mu mitego itandukanye. Yarongeye agira ati : « abo bagenzi bakwosha nabi, niwarurwamwo ntuzobona n’umwe » Yariko akebura urwaruka  ngo rwirinde abagenzi babi( igihari) kuko umwe aguye mu ngorane atamba wenyene atawuza kumufasha  mu ngorane yahuye nazo. Eka urwo ruririmbo no ku runganwe rw’uyu munsi ruracahanura kuko ingaruka zitabura.
Muri izo ngaruka harimwo ko abigeme batwara imbanyi batipfuje canke imisore ikaja mu biyayura mutwe ndetse bakahandurira n’indwara . Abaririmvyi baragerageza guhanura muvyo bakora vyose vyaba ivyese, indirimbo n’ibindi. Narirya bavuga ngo « umwana w’ubwenge yumvira mu nduru! »

Ubu ho vyifashe gute?

Uyu munsi abaririmvyi benshi bakunze gufatira kw’ijambo « ndagukunda » mukwandika. N’iryo jambo ugasanga rikoreshwa ryerekeje ku bantu b’ikindi gitsina. Ntawohishira ko indirimbo z’ubu ziganisha ku majambo yerekeye « igitsina ». Umuziki n’ubwo usigaye ari urudandazwa kandi ukaba n’umudiho utuma abantu baja hamwe bagatamba, hari aho badashira ukwiyumvira ku majambo aba agize izo ndirimbo bariko baratamba.

Akarorero ni « hindukira ikibuga kiruguruye….nturabe imbaga ngo ntaco nkumarira… reka kungora, kirakumenagura ntavyo nshaka gukora…» Ayo akaba ari amajambo yerekeza cane ku mibonano mpuzabitsina. Biri mu vyatumye abaririmvyi bamwe bamwe bafungwa bazira guhonyanga imico n’imigenzovy’igihugu c’Uburundi. Abazi gutosora utuntu n’utundi bakaba bemeza ata nkeka ko ubuntu  abarundi bari bafise mu kwigengesera ku majambo bavuga ubu bwatitutse. Bemeza ko umuziki w’ubu ufise ishusho yo kuvugira mu mvugo isa na mbabariramatwi ariko bashaka kuvuga amajambo ateye isoni.

Mbe vyoba bitumwa n’iki ?

Intambamyi ntizobura mu gihe abababoneye izuba mu mwuga batabashira hamwe ngo babaganirize aho bakura ayo amajambo gurtyo bigatuma bahitamwo kuririmba ayo majambo kugira babashe kumenyekana ndetse n’indirimbo zabo zivuzwe zibone no kugurwa batitayeho ko umuziki ndundi woguma aha honyene ariko womenyekana no mu makungu bigatuma ahanini imico n’imigenzo igenda itituka∙

Umuziki usigaye ari urudandazwa

MB Data, umwe mu baririmvyi bagezweho mu Burundi, asigura ko bakora umuziki kugira bubake inyiyumvo z’abandi (morale) ariko nabo babubake mu kububaka ku mufuko. Ivyo bisigura ko abantu baca bahurumbira ibiteramo no kugura indirimbo zabo. Vichou love, uwundi muririmvyi wa hano iwacu, we asigura ko n’aho ari urudandazwa abaririmvyi baruka aho kwigira kuri bakuru babo ahubwo bumviriza imiziki yo hanze bagaca bayisubiramwo ico yise kugira « copier ». Umuziki warabaye urudandazwa kubera ko n’ubuhinga bwaranaguwe bwo kuwukora.

None hokorwa iki kugira umuziki w’Uburundi ntiwibagiranwe?

Abaririmvyi ba kera bokwegera abacaruka kugira babigishe uko bahinyanyura indirimbo zifise ico zigisha kandi ko zabashikana i bwami ndetse no mu mahanga. Ikitibagiwe ni uko abaza muri uwo mwuga bo kwubaha abababoneye izuba bagakuraho ukutavuga rumwe; ico bakunze kwita « beef ». Abaririmvyi bogerageza gukora babikunze ariko batishe ishusho y’umuco w’ikirundi.

Laisser un commentaire