Société

Umumenyeshamakuru si uwukorera iradiyo gusa

Mu Burundi hari uburyo butari buke bwo kuronka amakuru. Muri kino gihe tugezemwo hoho aho hari abafise imashini – nyabwonko canke za ngendanwa zisununuye mu buhinga bituma baronka amakuru biciye ku buhinga ngurukanabumenyi. Ariko ku batari bake ubabwiye umumenyeshamakuru batahura uwukorera kw’ i radiyo ! None nivyo ? Tubirabire hamwe.

Jewe maze amezi make ntanguye umwuga wo kumenyesha amakuru. Haba mu bantu tungana canke nyene n’abandi, uwumbajije ico nkora ngize ndavuga ko nkorera mu kumenyesha amakuru, baca bambaza bati : « mbega ukorera i radiyo iyihe ? » ! Ndaheza nkababwira ko nkorera ikinyamakuru gitanga amakuru yanditswe. Aho rero ibibazo bica biba vyinshi : mbega mukorera hehe ? Ubwo amakuru murayaronka ? Biboneka ko batamenyereye kubisoma haba ibisohoka ku ndwi canke ibica ku buhinga ngurukanabumenyi ku musi ku musi
Ferdinand Mbonihankuye akorera ikinyamakuru Burundi – Eco candika ku mpapuro no ku buhinga ngurukanabumenyi. Bimwe mu bibazo abazwa iyo avuze ko ari umumenyeshamakuru ntibiri kure cane y’ivyanje : « ukorera iyihe radiyo? » nk’ aho umenga i radiyo niyo itanga amakuru yonyene !


Mbega mu Burundi ni nde twokwemera ko ari umu menyeshamakuru ?


Patiri DieudonnĂ© Niyibizi yanonosoye ivyo kumenyesha amakuru akongera akaba ari navyo yigisha muri kaminuza avuga ati : “ I Burundi uwemerewe kuba umumenyeshamakuru ni uwo wese azwi n’ ikigo CNC kijejwe gukurikirana ibinyamakuru mu gihugu , ico naco kiratanga ikarata iranga umukozi mbere n’aho akorera. ” Arongerako akagira ko abakora uwo mwuga bari mu migwi itandukanye nk’uko n’aho bakorera naho hatandukanye. Uwo mwigisha arerekana ko hari abakorera imboneshakure, amaradiyo, ibimenyeshamakuru vyandika ku mpapuro hamwe n’ abatanga amakuru baciye ku buhinga bwa none kandi ngo ni benshi.


Iradiyo ni ikimenyeshamakuru kimwe muri nyinshi

Gushika mu mpera z’ umwaka wa 2019, mu kigo CNC kijejwe kugenzura ibinyamakuru bikorera hano mu Burundi, hari hamaze kwandikwa ibimenyeshamakuru vyandika bigera kuri 33 , imirongo y’ imboneshakure ishika 10, amatororokanirizo y’ amakuru 20 ibikorera ku buhinga ngurukanabumenyi 48 hamwe na magazine 5 .
Kuva mu mwaka wa 2016 gushika 2018, ishirahamwe La Benevolencija ryarakoze itohoza risanga abakoresha urubuga Facebook bararwiriye bavuye ku bice 11,3 kw’ ijana bashika kuri 19,7 kw’ ijana mu Burundi.

Iryo tohoza nyene ryerekanye ko abumviriza iradiyo bagabanutse kugeza ku bice 11 kw’ ijana ,bavuye kuri 84,5 kw’ ijana bashika kuri 73,4 kw’ ijana mu myaka ibiri gusa.
Muri 2016 i kigo cigisha ivyo kumenyesha amakuru c’i Oxford mu Bwongereza mw’ itohoza ryakozwe mu bihugu 26 ryerekanye ko ibice 51 kw’ ijana vy’ abantu bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu kurondera amakuru.
Muri uwo mwaka nyene iryo tohoza ryerekanye ko ibice 94 kw’ ijana vy’ abamenyeshamakuru bakoresha uburyo bwa none mu kurondera amakuru canke mu bikorwa vyabo vya minsi yose.


Gusoma bisumba kwumviriza

Naho « agashitsi ka kera kavumbika umuriro » , turakwiye gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu kurondera amakuru kuko twihweje igihe tugezemwo, harakoreshwa cane ubwo buhinga mu bisata vyinshi.
Ku bwa Ferdinand Mbonihankuye, kuba abarundi benshi batabangukirwa no gukurikirana ibinyamakuru vyandika biva ku migenzo y’ abarundi. Abenshi aho kwisomera amakuru ngo bahitamwo kuyumviriza. Ivyo navyo ngo birarutwa no kuyasoma kuko uyasomye uno musi, n’ejo urashobora gusubiramwo ukayasoma kugira ngo utahure neza. Ibitandukanye n’iradiyo kuko iyo ihejeje kuyavuga ntiwoyasubizamwo.
Ku binyamakuru bikoresha uburyo bwa none, urashobora kuyasoma, uyashimye mbere ukayasangiza n’abandi ukoresheje ngendanwa canke imashini nyabwonko. Urashobora no kuyabika ukazoyasoma hanyuma, ibidakunda canke ibitoroshe mu gihe ari ayaca ku ma radiyo.


N’ubwo biri uko, bisaba ko tuba maso tukaraba ibimenyeshamakuru bizwi nk’ibitanga inkuru z’ukuri bikaba arivyo dukurikirana kuko, kubera ko ubuhinga bwateye imbere, abantu benshi bifata nk’uko boba ari abamenyeshamakuru mu gukwiragiza inkuru zitanatohojwe. Muti twotandukanya gute icatsi n’ururo ? Ihe akanya ugikurikirane imisi itari mike uzoheza ubone ko kivuga ukuri canke gishikuza.

Christophe Niyongendako

Laisser un commentaire