Santé, Société

Coronavirus: urugutegeye kunda ruba rukwishe !

Mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza abana rimwe na rimwe baba barikumwe n’abavyeyi babo bagenda barasabiriza canke ugasanga barahisemwo ahantu hamwe na hamwe bicara basabiriza uwurengana wese. Mbe kino kiza ca koronavirus kivuza uruhwa mugusasika inganda mu mihingo ine y’isi boba bakizi ? Bariko bacikingira gute ?

« Mfasha » iryo n’iryo jambo rya mbere numvise negereye ahari hicaye umukenyezi ari hagati y’imyaka mirongo itatu na mirongo ine, ahagatiwe n’utwana twiwe tubiri, bihebuye, bareretse uwurengana wese ngo abafashe. Nkimushikira, ndamuganiriza ku tuntu n’utundi. Naranamubajije ko azi ivy’ikiza kivugwa kw’isi. « Corona! » Iciyumviro cambere caje mu mutwe w’uwo mukenyezi nyuma yuko umwana wiwe w’imyaka itanu irenga amumaze amazinda.

Mbe hari ayandi makuru woba uzi kuri ico ciza?

N’ubwo aho yari yicaye canke muhira ata karadiyo gahari ngo amenye amakuru menshi kuri koronavirus, yanyishuye ati: « Coronavirus, ni ingwara yandukira biciye kugukoranako n’uwuyirwaye ndetse umuntu arashobora kuyandura atagize isuku rikwiye, gukaraba n’amazi meza n’isabuni. Gutanga amafaranga mu minwe bikaba biri muri imwe mubituma haba uruhererekeranwe rw’iyo ngwara. »

Numvise ivyo, naramubwiye ko gukaraba n’amazi meza n’isabuni canke umuti wica umugera no kwirinda gukora kubandi canke ibice bigize mu maso biri mubifasha kwikingira koronavirus. Uwo mukenyezi nyuma yahavuye yumva ko ashobora kwandukirwa akananduza abana biwe mu gihe atikingiye uko bishoboka yanyiganiye ko wewe yakiriza igitenge amafaranga abarengana bamuha ariko ko abana biwe bigoye kubumvisha uko bobigenza mu kugira bikingire.

Mukora iki kugira mushobore kwikingira koronavirus ?

Mukwikingira uwo mugera wa korona, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasavye abenegihugu gukaraba n’amazi meza n’isabuni canke umuti wica imyanda akanya kose, kwirinda kuramukanya, guhana imetero imwe hagati y’abantu bicaye hamwe
 Uwo mukenyezi yamenyesheje ko aho mw’ibarabara bari ata buryo buhagije bwo kwikingira bafise. Asa n’uwihebuye, yongeye ati « urugutegeye kunda ruba rukwishe! » Tugerageje gusobanura uwo mugani, yavuze ko kubera inzara bafise badashobora kuronka ikibabeshaho, bemera kubandanya bakora nk’uko bahora n’ubwo bazi ko bashobora kuhandurira ico kiza.

Gukaraba n’amazi meza n’isabuni ifasha gukura imyanda iri ku ntoke atubwira ko bavyibuka mubgihe baba bagiye kurondera utwo gufungura ku tuzu tw’uburiro ahandi ho bagakaraba imigende y’amazi itemba (imifurege) batitayeho gukaraba n’amazi meza n’isabuni ngo bice iyo migera. Bikaba vyerekana neza ko badaheza bagire isuku nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubisaba abenegihugu. Ingwara z’ibiza naho itoba iyo nshasha twumva, iyo umwe akwirikije ibisabwa mu kuyikingira, uwundi atabikurikije biba impfagusa.

Reka dufate akarorero : iyo umuntu yavuze ko afise uburyo bwo kwikingira n’amazi n’isabuni, ariko amafaranga yasavye uko biri kwose araza kuyagura ibintu. Ko amahera batayamesa, aza kugura ikintu gute kandi amafaranga abigura nayo ariko imigera ? Sivyo gusa! Twari twamenyeshejwe ko umuntu n’uwundi babwirizwa gutandukanyawa n’ikirere kingana n’imiburiburi imetero imwe, vyontangaza nsanze abantu bagendana imetero kugira biteho gupima ico kirere hagati y’umuntu n’uwundi cubahirijwe ( narirya imiduga yunguruza abantu ataco yakoze kugira ifashe abantu kubahiriza ico kirere) kandi naho mw’ibarabara bari usanga utwana twamuhundagayeko.

Ntituvuze ko abo basegerereza aribo nzanyi z’amazimwe ariko uwanduye muri bo yokwanduza benshi. Abarundi bati uwuvunitse aca yiga gucumbagira, ingingo zofatwa ntizibuze ariko kuzikwirikiza ishaka ry’umwe ntirikwiye. « Amava kuzimu sivyo mafatanamende » abasegerereza ntibakumirwe ariko n’ukuraba icokorwa kugira iteka ry’umwe wese ryubahirizwe kandi akingirwe.

Hokorwa iki?

Aba na bariya baratanga inyishu zoshobora kuba ngirakamaro. Bamwe bati abo bantu nibakurwe mu mabarabara nakare ikibanza cabo si kirya. Abandi bati ahubwo nibahabwe inyigisho zotuma bijukira imirimo mbere bakiteza imbere. Muri ibi bihe, Njerina* asaba ko bobegeranya hamwe n’abandi, bakabakura mw’ibarabara kugira ntibaze bahandurire ico kiza ca koronavirus. Ivyo akaba yabihurijeko na Stanny* yarengana aho uwo mukenyezi yari yicaye.

*Amazina yarahinduwe

2 rĂ©flexions au sujet de “Coronavirus: urugutegeye kunda ruba rukwishe !”

Laisser un commentaire