Umukenyezi co kimwe n’umugabo, bompi biyemeje gushinga urugo, baba bemeye kuzobana ibihe vyose bazoba bakiri kumwe. Ariko rero, amategeko y’ibihugu ntiyirengagiza ko hari igihe ivy’ukwubaka binanirana. Yaciye ategekanya ibihe bimwe bimwe umwe mu bubatse ashobora gufata ingingo y’ukuvana n’uwundi.

Mu Burundi, ingingo y’158 y’igitabu c’amategeko agenga ingo n’imiryango, irerekana imvo zimwe zimwe zishobora gutuma umwe mu bubatse asaba gusambura kandi bikemegwa n’amategeko. Igihe ivyo bishitse, umugabo araheza akarekurigwa kwabira uwundi mukenyezi, mbere n’umugore akarekurirwa n’amategeko y’igihugu kwabirwa n’uwundi mugabo. Ariko none ubuzima buba bumeze gute inyuma y’ukwahukana ?
Kumbure amategeko yoba afise ico abivugako ariko sindabisoma narirya ntari umunyamategeko. Ariko ikizwi coco ni uko agateka katama kubahirijwe ku bakenyezi ivyo kwubaka bitakundiye maze bagasubira muhira iwabo.
Umuryango ubakira gute ?
Kenshi na kenshi iyo umukenyezi ahohoterwa n’umugabo wiwe arasubira iwabo maze iyo haciye iminsi,uno mugabo akaza kumurondera, amusaba gusubira mu rugo, ivyo mu mihingo imwe imwe bita « gucura umugore ». Mu gihe uwo mugore ari iwabo, mu bihe bimwe bimwe usanga aturubikwa na basazawe, ndetse n’incuti zikamuraba ribi. Uko gufatwa nabi iwabo kuriyongera cane mu gihe uno mukenyezi yaje azanye abana gusumba iyo yaje wenyene. Ukwo kuzana abana rero biravugwa ko haba harimwo n’ugushaka ko mu misi mikeyi umugabo yoca aza kumucura. Ariko naho biri uko, hari n’abavuga ko iyo umugabo abangamiye umugore cane cane mu kumuboreza igufa, iyo amutanye abana batoyi ariho cane cane umugabo aheza akikubita agashi, kuko mu misi ari iwabo abana baba bamugoye, gutyo ntazoheze ngo aze aramufata uko yishakiye.
« Niko zubakwa »
Abarundi basa nk’abamaze kumenyera ko uko urugo rumera kwose kizira kuruvamwo naho kwoba ari ukwubakira ku mahwa nk’uko bikunze kuvugwa ku mibano yama mu nduru. Iminsi yose umukenyezi amara ari iwabo yarakinjuye, ababanyi, incuti n’imiryango baba bariko baramuhanura ngo nasubire mu rugo kuko ngo « niko zubakwa ». Ihohoterwa ry’agateka k’abakenyezi gutangura kwibonekeza dufatiye kw’izina yitwa igihe asubiye muhira.
Igisubiramuhira
Tugize umwihwezo kuri kamere k’iryo jambo, dusanga ridaha umukenyezi iteka akwiye nk’umuntu. Igisubiramuhira, imero y’iryo jambo ubwayo iraka ubuntu umukenyezi rikamugira ikintu kandi kibi.
« Igisubiramuhira », igikoko, ikintu casubiye i muhira. Turetse n’uko iryo zina ritabereye umukenyezi, rirashobora no kuba inkwezi y’amarere mu gufatwa nabi n’abo bavukana kuko bazomufata nk’umuntu adafise agaciro. Inyuma y’ukwitwa « igisubiramuhira », izina rikura ubuntu ku mukenyezi, abahungu bavukana n’uwo mukenyezi yavuye mu rugo, baramufata nabi mu kutamuha agaciro no mu kumukumira kw’itunga rusangi. Nk’uko nyene bigenda ku mukenyezi wese akeneye itongo, uwahukanye ntanganya n’abahungu mu gusangira itongo. Mu vyerekeye ugutorana kw’abakenyezi, i Burundi umukenyezi araronka uruhande bamwe bitirira igiseke bari kumushira ari mu rugo. Uwo mugirwa uraheza ukabandanya no ku mukenyezi yasubiye muhira ivyo bigatuma yumva ko adafise agaciro mu muryango.
Abana nk’inkwezi z’amarere
Mu bintu bituma umukenyezi arushiriza gufatwa nabi mu muryango iwabo inyuma y’ukwahukana n’umugabo, harimwo abana aba azanye mu gihe ahisemwo kubazana. Ukwibaza ko bishwa babo bashobora kuzobatera kw’itongo, biratuma basaza b’umukobwa bashaka kwirukana uno umukenyezi, ugasanga arabayeho nabi.
Umukenyezi birashobora kumuviramwo kwiyumva nk’umuntu ataco amaze, bigatuma afata ingingo gihutihuti iyo hagize uwundi amuresha, maze ugasanga mu gihe ahisemwo kubana n’uwundi mugabo, biragize ingaruka mbi ku bana.
Hokorwa iki?
Vyari bikwiye ko amategeko y’igihugu ategekanya imvo zimwe zimwe zishobora gutuma urugo rusamburwa. Arakwiye gutegekanya n’ingingo zikenewe zotuma agateka k’umukenyezi kubahirizwa iyo ageze i muhira. Ku bwa ngingo, iyo umukenyezi asubiye iwabo akwiye kugira amateka angana n’aya basaza biwe kuko aba akeneye gutegurira kazoza iwabo. Uno musi uza ubona umukenyezi asubiye iwabo, bamuremera ngo niko zubakwa agaca asubirayo, akubakira ku mahwa ngo niko zubakwa. Abigeme bakiri muhira, iyo barondera ibintu vyabo, nibibuke ko bakeneye ubwigenge mu vy’ubutunzi maze nivyashika bikagorana ivy’urugo. Mu yandi amajambo bohindura ingendo bakamenya ko ubwigenge mĂ» vy’ubutunzi buzana ubwigenge mu vyo gufata ingingo,kuko « uwubuze aho acira amate atagira aho acira urubanza. ».

