Itabi ni ikintu gikundwa ariko abahinga mu vy’ubuvuzi bakerekana ko ribangamira amagara y’abantu. Kubera iki ribandanya rinyobwa kandi ribangamira amagara ? Hokorwa ikikugita ntiribandanye kwiha inkumbi ? Jewe na wewe turafise ico twoterera.Biroroshe gutangura kugakwega ariko amariheba ni urugamba rukomeye.
Itabi riramaze imyaka itari mike rihitana ubuzima bw’abantu. Abo rihitana hariho abatamenya ko ribabangamiye, abandi bakabimenya ataco bagikiza kuko amagara yabo aba yaramaze kubangamirwa cane.Naho biri uko, ntikibuza ko n’abize amashure y’ubuvuzi usanga barinywa kandi aribo baribuza abandi. Aho rero tukibaza duti ni kubera iki abantu bigerezako? Kumbure haraho vyoba bitumwa n’ukutamenya kuri bamwe bamwe.Icigwa cakozwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS) mu cegeranyo caryo casohotse kwigenekerezo rya 19 Mukakaro mwaka w’2019, cerekana ko abantu barenga imiliyoni umunanani kw’isi bapfa buri mwaka bahitanywe n’itabi. Muri abo, abarenga imiliyoni indwi, bagizwe n’abo ryica bakirinywa mû igihe abarenga umuliyoni umwe n’uduce tubiri(1,2 million) ari abahoze barinywa bahitanwa n’ingaruka zaryo.Abahinga barerekana ko itabi rishobora kugira ingaruka mbi ku mwana ari mû nda igihe umuvyeyi arinywa yibungenze. Eka mbere ngo na barya bashikirwa n’imyotsi yaryo mu igihe abagenzi bariko bararinywa ntibasigara inyuma mû gushikirwa n’ingaruka mbi zaryo.Ritangurwa gute ?Abatari bake mu banywi b’itabi baremeza ko baritangujwe n’agakuku k’abagenzi babo,bamwe bakaryigira mu bunywero bitewe n’akaborerwe abandi bakaryigira muri vya bibanza usanga abantu batagira akazi bakunda guhuriramwo ( kw’irigara).Baba abaritanguriye mu bunywero canke abaritanguriye muri ivyo bibanza twavuze aho haruguru, abo bose haciye igihe barinywa baricuza ico barinywereye. Umusore umwe twaganiriye agira ati : » uwondangira umuti wo guheba itabi naho woba ugurwa umuriyoni nogurisha utwanje nkawugura » . Naho abo mu bisagara baritangurira muri vya bibanza twavuga, hari abo mu caro ( ruguru) bobo bavuga ko barinyweshejwe n’indwara .Umusore yitwa Butoyi yatuyagiye ati : » umusi nywa itabi ubwa imbere nari maze imisi mva umwuna. Dawe ampanura kunywa itabi kandi ndarinyoye vyaciye bihera. » Ko ukuva umwuna kwoba kuvugwa n’itabi, ntaco ndabiziko ku bw’ubumenyi buke bwanje mu vy’ubuvuzi. Kumbure abavuzi bazobituyagira. Ariko kuvyerekeye kuriheba, Butoyi nawe nyene aremeza ko ari urugamba rukomeye. Agira ati : » itabi ririnze rikwizizira ntushobora kuriheba, jewe naragerageje ariko vyaranyankiye. » Hari n’abavuga ko inyota y’itabi isumba iy’ibinyobwa. Bakavuga ko hako barara batanyoye agatabi bopfuma babura ivyo bafungura.
Izindi ngarukaIngaruka z’itabi ntizibonekeza ku magara gusa, mu vy’ubutunzi si yororo.
Ca cegeranyo twavuga mu ntango, cerekanye ko ibice mirongo umunani kw’ijana vy’umuriyaridi n’agace kamwe(1,1 milliard) w’abantu banywa itabi kw’isi, baba mu bihugu bikenye cane hamwe n’ibikiri mu nzira y’amajambere.Abarinyoye baremera ko ritwara amahera atari make kubera ko mu mafaranga bakoresha ku kwezi basanga ayaguzwe itabi ashobora gukora ibindi bikenewe gusumba. Bamwe baribaza bati hoba hariho umuti wofasha kuriheba? Naho ntari umuganga, umuti urahari n’icemeza ni uko maze kubona abantu barihevye kandi bahora banywa ryinshi.Turetse izo ngaruka twavuze, umwihwezo wakozwe wasanze itabi arico kintu abantu batagirira isoni zo gusaba. Kenshi usanga abantu badashobora gusangira ku gikombe c’amazi, ariko itabi bashira mu kanwa bakarisangira ataco binona. Niyumvira ko turetse indwara ziterwa naryo, n’izindi zifatira mu bihimba vy’ihemero zirashobora kubangamira amagara yabo.Hokorwa iki ?Umwe wese yarakwiye kwibaza nimba atariko arabangamira amagara yiwe ivyogereranywa n’ukwiyahura gutyo akirinda gushira mu kaga ubuzima bwiwe. Kubera ko benshi baritangura bivuye ku gakuku, vyoba ari vyiza igihe abavyeyi bose boshinga udukorwa duto duto abana babo kugira ngo bashobore kuguma muhira. Ivyo vyonafasha abo bana gukura bazi ko bafise ico babazwa bigaterera ku ndero bakurana.Dufatiye ku baritanguzwa n’indwara, uwikeka ko avugwa n’itabiyarakwiye kwihutira nyabuna kuja kwa muganga kuko naho data twokwemera ko ryahagaritse indwara imwe, riba ririko rironona amahaha ndetse rigatera n’izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’ihemeroAbavyeyi, uruhara rwabo ntirwogarukira ku gushinga udukorwa abana gusa ngo bababuze guta umwanya mu ma rigara n’ibindi bibanza bibi. Vyoba vyiza gusumba igihe ingaruka mbi z’itabi boziyagirwa nk’abavyeyi. Amagara ni amazi aseseka ntibayore. Abantu bari bakwiye kwirinda ibintu vyose vyotuma bicuza. « Akataretse kaba gasema » niko abasokuru bawuciye.

