Société

David Nduwimana aririmbira Australiya : vyakiriwe gute mu Burundi ?

Hari mu kwezi guheze kwa Gitugutu ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 31 aho twaza tubona ku mbuga ngurukanabumenyi hacanacanako amasanamu y’umuririmvyi w’indirimbo z’Imana Nduwimana David asanzwe aba mu gihugu ca Australiya. Akaba yariko arugurura icese inkino za Rugby mu kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Australiya ku kibuga ANZ Stadium.

Crédit photo: Sa BanniÚre

Abaporoti ndetse n’abandi bo muyandi mashe(se)ngero baramuzi cane ku ndirimbo nka Narahariwe, Yesu ni wewe nizigira , Nzokwamamaza ndetse n’izindi nyinshi yagiye arasohorera haba ino canke hanze y’igihugu. Indirimbo ziwe nyinshi n’ubu ziracaririmbwa mu mashe(se)ngero atandukanye. Muvy’amashure, uwo muririmvyi akaba afise urupapuro rw’umutsindo muvy’ubutunzi (Ă©conomie). Kuva mu mwaka w’2013, uwo muririmvyi w’indirimbo z’Imana zitwa mu Congereza « gospel » ntabarizwa mu Burundi. Akaba aba mu gihugu ca Australiya ari n’aho yuguruye icese inkino za Rugby mu kubafasha kuririmba ururirimbo ruhayagiza ico gihugu.

Uko vyagenze

« Gushaka kumenya imico ico igihugu cemera be n’ururirimbo ruhayagiza igihugu naravyipfuza hama akaryo karabonetse. Nagahawe n’umuryango wanyakiriye. Rero mu guhimbaza imyaka indwi ndi ngaha n’ibijanye n’ibindanga mfise vya hano kabaye akaryo ko guhimbaza ariko nasabwe kwifata amajwi ndiko ndaririmba iyo ndirimbo ihayagiza igihugu ca Australiya kugira barabe ko nzobishobora kuko rurya rukino rurakomeye rwose ku rwego rw’igihugu n’amahanga. Mu kwugurura urukino rwa mbere muri Australiya, nije natewe iteka kandi kubwo kwubahiriza igihugu n’abakibamwo, bisaba gukora cane kugira ushobore gushimisha bene igihugu. Ryabaye iteka rikomeye Imana yanteye kubwa Australiya, Uburundi nk’umurundi, Afrika hamwe n’isi. » niko Nduwimana David yadusiguriye.

Bamwe bati
, abandi ngo


Bimaze gushikirizwa ku mbuga zitandukanye ko umuririmvyi David Nduwimana ariwe yaririmvye mu gutanguza icese inkino za rugby mu gihugu ca Australiya, benshi baragize ico babivugako. Bamwe bagashima, bakamukeza, abandi nabo ntibibagwe neza. « Kuki atohayagiza urw’igihugu c’amavuko yiwe ? » aya niyo majambo yavuzwe na E. Ndayegamiye ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook. Aroni we agira ati : « Iyo umuntu ataratera imbere igihugu ntikimuhanga amaso mugabo iyo akoresheje inguvu ziwe mumuhanga amaso mukamuvugako vyinshi. » Abandi nabo bati : « Kinama oyeee, Kinama tuko juuu ». Niyongere A. we yisabiye ati : “Nibagaruke mu Burundi bigishe umuziki.” Hama uwitwa Lionel N., umwe muri ba bandi ukunda gusanga bakatisha ikiyago, abonye amasanamu y’abaje kurorera urwo rukino aca agira ati : “Ko mbona isinzi ry’abafana ? Coronavirus ntikiriho?”

David nawe ati…

« Nasanze hari ikibazo gikomeye cane dukwiye gutorera inyishu nk’abarundi. Ikintu giteza imbere muhira si igihe cose kiza nk’uko umuntu yocibaza. Rimwe na rimwe ibintu birashobora guhinduka ariko bigashikana ku ntumbero. Nta formule y’ingene abantu batera imbere vyose biri mu biganza vy’Imana.” Uko niko David Nduwimana yishuye igihe yabazwa uko yakiriye amajambo abatari bake bavuze mu kwerekana ko batanezererewe ko yaririmvye ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Australiya.

Uko biri kwose, n’ubwo Atari “Burundi bwacu” yariko araririmba, ku mboneshakure zitandukanye kandi zikomeye zo kw’isi haravuzwe ko hari “umurundi” yaririmvye mw’ihiganwa rikomeye nka rirya. Uwo muririmvyi David Nduwimana bikaba binategekanijwe ko agaruka mu gihugu c’Uburundi vuba kugira ngo yitabire ihiganwa “ Edge Fest 2020 ” ry’abaririmvyi ba Gospel.

Laisser un commentaire