Niko ubucuti bwaramye ariko bukarutana. Mu buzima bw’umwigeme wâaho hambere, inasenge w’umwigeme yaba afise ikibanza ntasubirizwa. Ivyo bikabonekera ku kuntu umwigeme na inasenge bari akadasohoka. Ikibazo gica kivyuka ni iki : kubera iki inasenge w’umwigeme yari afise ikibanza gikomeye nk’ico ? Kwoba ari kubera gusa yavukana na se ?Tubirabire hamwe.

Iyumvire nawe : umwigeme yashimwe n’umusore, inasenge niwe yabanza kubimenyeshwa imbere yuko n’abavyeyi babimenyeshwa. Nyina w’umwigeme yamenya ko umukobwa wiwe agiye gusabwa abibwiwe na muramukaziwe. Umusi wa mbere umunyaruhimbi agiye mu butinyanka vyabanza kumenyeshwa inasenge, kandi iyo uwo inasenge aciye mu jisho vyaza kumubako yarabimumenyesheje. N’ico yashaka kubaza kuvyerekeye ibanga ry’abubatse niwe yabibaza, n »ibindi n’ibindi.
Umuntu ashobora kuca yibaza ati kubera iki none inasenge ? Birumvikana ko umuntu yokwibaza igituma mu ncuti zose umuntu afise umwigeme yagiranira ubucuti bukomeye na inasenge. Imvo nyamukuru zabituma ni zitatu.
Umwigeme ntiyashobora kuyagira se na nyina ibimugoye vyose
kubera cari n’ikizira ko umwigeme yicarana na se ku ziko kandi ariho indero runtu yatangirwa. Kubera ko umukobwa atanguye gusonga amabere ataba acubahuka kuvugisha se, mu bintu bimwe bimwe yabarira nyina hanyuma uno nawe agaheza agashikiriza senaka iryo umukobwa agona. Kimwe mu vyatuma umwigeme adahanuza ivy’urugo nyina wiwe ni uko vyari biteye isoni nko kumuyagira ivyerekeye ukugera imbavu, ugushinga amashiga n’ibindi. N’ikindi kandi vyogorana ko amuha impanuro z’ukugene yokwifata ibere riyaze hagati ya we n’umugabo canke na inabukwe mu gihe kumbure ivyo ariko aramubwira nawe atabikurikije kandi uwo mwigeme yarabibona. Igihe rero uwo muvyeyi yohanura umukobwa wiwe nawe atabigendeye, vyokworoha ko uwo muyabaga aba ndarisize aho, canke kukaba nk’ukumuraga umwenda wamunaniye.
Niwe â muvyeyikazi â yaba yamubaye hafi kuva kera
Kubera ko aho hambere umugabo iyo arongoye ataja kure cane yâaho avuka, wasanga rero abo bavukana babana hafi. Ivyo rero bigatuma umwigeme agiriranira ubucuti soma mbike na inasenge kuko baba babana hafi bakajana gusenya bakajana kuvoma maze uno mwigeme akaronka umwanya ukwiye w’uko bayaga. Niko umwigeme yaraja kwa nyinabo ariko kubera ko mu mico y’ikirundi ata mwigeme w’indero yararaguza, yaraheza akamarayo umwanya muto gutyo bakabura umwanya wo kuyaga utw’aha na hariya. Kubera ko rero inasenge yaba ariwe babanye igihe atari gito kuva akiri muto, hanageze nâuko arongorwa niwe yaheza akamuhanura nâubwo bataba bakibana hagufi, niwe yaba asa nâuwumuzi kuruta abandi. Ariko naho biri uko, nta mwigeme yaja mu Burundi atabanje kuja kuramukanya kwa nyinabo, bishoboka rero yuko naho yaba afise amakuru atari make ku vyerekeye urugo, nyinabo yamutekerera impanuro ngirakamaro.
Yarashobora kumubera inabukwe
Iyindi mvo muri nyamukuru zatuma ubucuti buba ubukomeye hagati ya inasenge n’umusengezana wiwe, ngo ni uko iyo umukobwa asaziye muhira, inasenge vyashoboka ko amuvyarira umugabo (muvyarawe) kubera ko umukobwa yabuze umugabo bamujana kwa inasenge akamarayo imisi kugira ngo barabe ko ata muvyarawe yomushima akamwabira. Iyo atawumushimye yaraheza agasubira i muhira maze bakamwubakira akazu mu kigo kitwa agahundwe akazopfirayo hanyuma ngo hari agakoko kitwa ngeni kaheza kakamurya maze bakavuga ngo yaguye mu gahundwe. Ni co gituma rero umwigeme iyo yabiriwe baheza mu kumukeza bakamubwira bati kira ngeni kuko ngeni ntaho baba bagihuriye kuko ataguye mu gahundwe. Aho rero twomenya ko ari muvyara wiwe wo kwa inasenge yashobora kumwabira kubera ko uwo kwa nyinabo ntibashobora kumumushingira. Ubwa mbere bwo ubucuti na nyinabo ntibwaba bukomeye nka inasenge kuko inasenge we baba barabanye asa n’uwamureze kandi mu mico yâikirundi iyo abavyeyi babiri bavukana basangiye igitsina, abana babo bafatwa nkâaho boba bavukana munda imwe. Ntibakunze kubita abavyara.
Kubera ko rero umusengezana vyanashoboka ko aba umukazana mu gihe atoshimwa, gutyo inasenge akazoba inabukwe, uwo inasenge yaramuyagira vyose akarera nkâuwurerera uwiwe. Uwo rero yaraheza akamubwira ibikenewe vyose kugira ngo nivyashika akamubera inabukwe ikizomugora mu rugo cose azogiture we inasenge ariwe inabukwe gutyo abe ari amata avyaye amasoro.
Mu gihe ca none, inasenge aracakundwa kandi ni incuti ikomeye, ariko ubucuti si nka kera. N’ubwo rero inasenge wa muntu atagifise ikibanza nk’ico yari afise aho hambere, impanuro yatanga ziracari ngira kamaro na rirya gushika n’uno musi hari ibintu umwigeme atopfa kubaza abavyeyi.


Nivyiza cane , uzobandanye wigisha akaranga kaho hambere .
JâaimeJâaime