Société

Ugukanda umuvyeyi, umugirwa utahugwa ugutandukanye

Mu Burundi co kimwe no muri Afrika nzima, wasanga bafise imigirwa n’imigenzo itandukanye. Aha iwacu hariho umugirwa wakorwa n’abashingantahe iyo abakenyezi babo batashe bavuye kwibaruka. Uwo mugirwa ukaba witwa « gukanda umuvyeyi Â».

© http://www.parents.fr

Mu gihe tumenyereye ko bakanda umuntu yababaye yaba yavunitse canke hari ikindi kintu camubabaje cane, umuvyeyi avuye kwibaruka nawe nyene aba yababaye cane, kuko n’abasokuru barayamaze bati : « inda woyibarira uwayirayeko ».

Gukanda umuvyeyi ni iki ?

Abarundi bamwe bamwe ntibatahura kumwe umugirwa wo gukanda umuvyeyi. Hari ababona gukanda umuvyeyi nk’ukumukanda nyene ariko haravugwa n’abagabo batahura ko uko gukanda umuvyeyi ari ugusubira ku buriri buno nyene umukenyezi akiva kwibaruka.
Naho biri uko umuntu yokwibaza nimba igihe baranguye amabanga y’abubatse inyuma y’uko umukenyezi asohotse ibitaro yibarutse bitoba bigira ingaruka mbi ku magara y’uno mukenyezi  canke nimba ya migenzo y’ikirundi ikwirikira kwibaruka iba icubahirijwe neza. Kera umukenyezi yibarutse, haraza abandi bakenyezi bahumuye bakaza kumwaramira. Baramukanda ku munwa w’igisabo (ku gihimba c’irondoka ) kugira ngo hasubirane.

Muganga Nahimana* yakira abakenyezi, ati ivyo dusigaye tubona ni agahomerabunwa ! Asa n’uwubabaye, afise agahinda kenshi agira ati : « ku wa mbere w’iyi ndwi iheze, twagiye tubona umukenyezi aje avirirana inyuma yaho umunega wiwe amurengeyeko ngo ariko aramukanda ». Iryo virirana rikaba ryavuye ku gutabuka aho abaganga baciriye inzira umwana (Ă©pisiotomie). Iyo umuvyeyi vyagoranye akarinda kubagwa mu kwibaruka, ico mu Gifaransa bita cĂ©sarienne, ngo biragoye cane gose kuko kugira akire bisaba ikiringo kiva ku mezi atatu kuduga. Kwarama bisa nkibigenda bicibwa umukenke na bamwe bamwe Aho usanga bamarayo iminsi iri hagati y’itatu n’indwi.

Ni ugukenyererako !

Inyuma y’ugukora amabanga mpuzabitsina n’ububabare n’akantu, umubiri n’ihungabana ryo mu mutwe ntibiba vyibagiwe nk’ingaruka mbi ku mukenyezi. Muganga S.N ati : « ndahanura abagabo kwihanganira abakenyezi babo kuko ingaruka ntizishobora kubura, haba ku rukoba canke imbere muri we ! Ntitwibagire ko muri ico kiringo, umukenyezi ashobora gutwara inda ari mu kiriri n’ubwo abarundi bakunda kuvuga iyo bagiye kwibarutsa uwabo ngo ‘ urasubirayo ntihababa ‘. Ntibaba biyumviriye ingaruka mbi zo gukwirikiza umwana atarigira haruguru ndetse n’amagara ya nyina atarasubirana. Â» Arongerako ati : « kurya yemera agahumiririzako ngo urwiwe ntirusambuke, mu mutwe ntaba atekanye gutyo bikagira ingaruka mu mutwe wiwe kuko ntaho ritaniye n’ikubagurwa ridaheza ngo rishengezwe. »

Vyoba biva ku kutamenya canke ku kwirengagiza ivyo bazi ? Abagabo bakwiye gutahura ko ibanga ry’abubatse ribwirizwa kwumvikanwako n’uwo barikorana ndetse agateka k’umwumwe wese kakubahirizwa. Ivyo vyofasha kutababaza uwo bubakanye ndetse bikarinda no kuvyara intahekana, gutyo umuryango ukabaho uhimbawe mu mpande zose.

Laisser un commentaire