Société

#UburundiKera : ivuka ry’amahasa, iteka canke ingorane ?

Mu mico kama y’abarundi, umusi w’ivuka ni ikintu kidasanzwe mu buzima. Ivyo vyerekanwa n’imigirwa yaherekeza ivuka ry’umwana. Ivuka ry’amahasa ryo ryaza riruta iyindi migirwa yose dufatiye ku migirwa idasanzwe yaherekeza amahasa. Imiziro n’imigirwa ijanye n’ivuka yafatira ku kwemera kw’abarundi bari bafise. Imwe muri yo abayigira biyumvira ko bariko barakingira uwo mwana.

© Constance Bonnotte

Ku bijanye n’amahasa, vyari ibidasanzwe kuko bavuga ko amahasa ataremwa n’Imana ahubwo ava kuri Kiranga ( nk’uko vyandikwa n’umutohoza kahise Yohani Batista Ntahokaja ) canke bamwe bakavuga ngo naka yavyaye ibihume. Nico gituma rero imigirwa yakorwa ku bandi bana, haba mu kubasohora canke kuva bakivuka gushika umuvyeyi ave mu kiriri mbere n’inyuma yaho, abo bana bafatwa mu buryo budasanzwe. Mu misi y’ukwarama ndetse n’inyuma yaho, amahasa yagirirwa imigirwa itari nk’iyagirirwa abandi bana.

Ukwarama n’ugukobora amahasa

Mu gihe abandi bana baramirwa imisi itanu canke irenga gato, amahasa yoyo yaramirwa imisi irenga ukwezi kandi ikaramirwa itari kumwe n’abavyeyi. Umwigisha muri Kaminuza Yohani Batista Ntahokaja atumenyesha ko imisi yose amahasa yaramirwa, Bukuru yaba ari iwabo w’umugabo, Butoyi nawe akaba iwabo w’umugore bakazoza barahurira kuri nyina bazanywe kwonka gusa gushika imisi yo kubaramira iheze. Iyo nayo ikaba yaramara ukwezi canke amezi abiri.

Itandukaniro ry’amahasa n’abandi bana ryaranabonekera  mu manza z’ugusohora abo bana. Mu gihe abandi bose basohorwa izuba riva, amahasa yoyo yasohorwa ijoro kandi abakuru b’imiryango uko ari ibiri bakabwirizwa kuba bahari. Batabonetse, umukuru w’umuryango w’iwabo n’umugore ariwe atevye, Butoyi ntiyaheza ngo yonke naho inzara yomwishe. Co kimwe n’iyo umukuru w’umuryango w’iwabo w’umugabo acerewe, naho Bukuru inzara yomwishe ntiyahirahira ngw’akore kw’ibere umukuru w’umuryango atahageze.

Amahasa yari agakomeye mu muryango. Abandi bana basohorwa rimwe, amahasa yo yasohorwa kabiri kandi Kiranga akaba ariwe arongora ibirori vyo kuyasohora. Haba mu gusohora ubwa mbere canke ubwa kabiri, yose iyo migirwa yakorwa ijoro, turetse ko mu gusohora ubwa kabiri ariko kwitwa kandi gukobora amahasa, imanza zaheza zikabandanya kandi zikurakuranwa.  Urwa mbere rwabera mu rugo amahasa yavukiyemwo bukeye rukabandiniriza iwabo wa inababiri ( nyina w’amahasa ).

Iyindi migirwa ifatanye n’ivuka ry’amahasa

Naho nyene ivuka ry’umwana ari igihe c’umunezero, ku mahasa hoho si uko. Havutse amahasa bafata ko ari urwimo ruteye mu muryango avutsemwo, kuko abibarutse amahasa bamara umwaka wose ata kindi bakora. Ivyo bigatuma babeshwaho n’incuti, ababanyi n’abagenzi gushika amahasa asohowe. Ubwa kabiri, muri iyo misi yose, carazira kikaziririzwa ko inababiri na sebabiri bakora mu twabo. Iyo bishitse naho ayo amahasa agashoma ( agapfa ) ntiyashingurwa ya imigirwa yose idakozwe.

Naho nyene kuvyara amahasa yaba ari ntahonikora, ababanyi baraterateranya ivyo bafise ariko iyo migirwa yose  igakorwa.  Iyo hashomye rimwe, iyo migirwa yiwe yarakorwa, mu kibanza c’uwapfuye hagashirwa umwanana w’igitoke.

Impinduka ifatiye ku burere

Mu mihingo imwimwe y’igihugu nk’i Buyogoma, umugabo avyaye amahasa yaca yatirwa ata kindi kirinze kurabwa. Umusi wo gusohora amahasa ubwa kabiri arivyo bita gukobora amahasa, niwo musi serugo yatirwa mw’ibanga ry’ubushingantahe naho ataba yarashizwe mu mutamana.

Tugereranije imigenzo ijanye n’amahasa n’ibijanye n’abana basanzwe hamwe n’iyindi migirwa yakorwa i Burundi, turatahura ko  abarundi bamye bafise uburyo batunganyamwo ibintu vyabo. Naho nyene ata masanamu hariho ngo tubone uko vyakorwa, inyandiko zimwe zimwe ziratwereka imico n’imigenzo vyo hambere. Ndetse turanatahura ko imigenzo imwe imwe yari ifitaniye isano n’ukwemera naho kudasa n’ukw’ubu.

Kugira ngo ako karanga ntikibagirwe muri rino yaruka rishasha, abakinyi b’amareresi barakwiye kwiyumvira uko ako karanga koshirwa mu bikorwa vyabo na rirya ibikoresho vyose vyakoreshwa muri iyo migirwa umuntu abirondeye yobironka.

Laisser un commentaire