Aho hambere, imibereho y’abarundi yari ifise amategeko naho ataho yari yanditse. Ayo mategeko yagenga akami ka muntu, abonekera ku kuntu abatase batunganirizwa nâubwo nyene habamwo utunenge bivuye ku kibanza uwu canke uriya afise mu kibano, umubano wari umeze neza abasangiye akarimbi bagasangira n’ikiyago.

Amategeko twogereranya nâimigirwa yaribonekeza turavye uko abantu bagendeza kandi rimwe na rimwe ugasanga ivyo bagendeje babifata nk’ukuri bivuye kukwisubiriza kw’ivyo bintu inyuma yavyo hagakwirikira ikindi kintu ciza canke kibi. Vyaranashobora gushika ugasanga umwe wese afise ico yagendeje kidasa n’ic’uwundi ugasanga mbere ikintu kimwe gisigura ibintu bitandukanye canke bihushanye kuvyo umwe n’uwundi bagendeje kuri ico kintu. Nk’akarorero, umwe yarashobora kugendeza ko imbeba imuciye imbere ari ku rugendo bisigura ko iyo agiye biza kugenda neza. Uwundi nawe akagendeza ko imuciye imbere yoshaka agaca yisubirira inyuma kubera atakiza kuva muri urwo rugendo arimwo.
Ukugendeza
Iyo umuntu yihweje ikintu kuva kera haragera igihe ico kintu agiha insiguro kandi iyo nsiguro igateba igafatwa n’umuryango wose ko ari iyâukuri kandi igafatirwako mu bikorwa vya misi yose. Aho twoshobora kuvuga nk’akarorero, iyo umuntu atunze inka y’ikirayi (mu mihingo imwe imwe inka yirabura niko bayita) ikaba itagwira bivuye ko yama iramburura canke ivyaye inyana zigapfa, umuryango warateba ukemera ko inka z’ikirayi zitaba muri urwo rugo. Ivyo rero vyaraba no ku miryango y’abantu aho wasanga nko ku ncuro zitatu canke zirenga umuryango umwe usabana abageni n’uwundi ariko nya bageni bagaca bapfa, bagasara canke ntibavyare. Barateba bagafata ko iyo miryango idashingirana mbere bakabigira umuziro. Naho vyari bimeze uko, nta cigwa na kimwe c’ubushakashatsi caba cakozwe ngo cemeze ko iyo miryango itosabiranira koko. Ukugendeza kwaraba ikintu gisanzwe canke gikomeye bivanye n’insiguro nyene kugendeza agiha. Akarorero, iyo umuntu ariko aracana umuriro ugahinda (ukaruguta), imiryango imwe imwe yaca ivuga ko hari umushitsi azoza. Ahandi naho iyo hagize uwumva uburibwe mu kirenge, ico bamwe bita umugendo, naho nyene imiryango imwe imwe yaca yitega umushitsi. Si ivyo gusa hari n’igihe abantu bagendeza ibintu babibonye baca bitega ikintu kibi.
Agasema
Iryo zina ubwaryo rigereranya imburi y’ikintu kibi kiza kuba. Umuryango umwe umwe warasanga wisangije ico wita agasema. Ariko itandukaniro ry’agasema n’ibindi abarundi bagendeza ni uko agasema kari gateye ubwoba cane kuko kerekana ko hari umuntu wo mu muryango canke mu kibano azopfa. Vyaratuma rero abantu bamwe bamwe baja ku bapfumu kugira ngo babakingire. Kenshi na kenshi agasema kava ku bikoko bitandukanye bivanye n’ivyo imiryango yagendeje. Nico gituma hari inyoni z’agasema nk’igihuna n’izindi. Ni naho havuye akagani gakunda gukoreshwa mu turere tumwe tumwe ngo «agasema si igihuna gusa».
Turavye amajambo dusanga mu muduri w’umuririmvyi wo muri kahise Emmanuel Nkeshimana, turasangamwo iciyumviro c’uko imbwebwe nayo nyene yafatwa nk’agasema mu burere bumwe bumwe vy’igihugu. Imbwebwe imotse abantu bamwe bamwe bafata ko ari imburi y’umuntu azopfa muri ako karere.
Amezi mabi
Muri uko kugendeza no kuziririza, abarundi bari bafise ibihe bita ko ari bibi ku buryo mbere babiha n’amazina abiranga gutyo ntibatangare iyo ivyo bihe babigizemwo ingorane. Aha twovuga nk’ukwezi kwa gatanu, abarundi bavuga ko kuba kurimwo ingorane nyinshi, baca bagutazira Rwirabura. Nâubwo umuntu agerageje kwiyumvira ingwara nyinshi zibonekeza muri uko kwezi zishobora kuba zari zifitaniye isano n’igihe abarimyi baba bavuyemwo c’impeshi, kikaba ari igihe baba barushe cane. Abarundi ntibavyumva gutyo. Bo babona ko ari ukwezi gutera umukoshi (umwaku). Amazina y’amezi yatogwa hisunzwe ibiba muri ayo mezi. Imbere y’uko amategeko agenga ikibano atezwa imbere akandikwa biraboneka ko ubwenge abarundi bamanye bwaratuma bishingira amategeko afatiye ku biba maze ikibano kikabaho gitunganije neza.

