Kenshi harakunze kwibonekeza imbanyi ku rwaruka rutarubaka izabo, ivyo bikaba vyerekana ko rurangura imibonano mpuza bitsina imbere y’uko baba bubakanye imbere y’amategeko canke imbere y’abaserukira amadini yabo n’imiryango ikabashingira. Ivyo bikaba biva kuguhurira mu bibanza bitandukanye , haba mu bunywero, mu butambiro, kuja kuraba imisore mu tuzu babamwo « ghetto ».

Abarundi barayamaze bati : « nta mwonga ubura isato iba idahizwe ». Abasore bamwe twaganiriye batwemeje ko kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubakana ataribwo buryo bwiza bwo kunoza imigenderanire mu kwemeza uwo mukundanye ko umukunda vy’ukuri ahubwo ari ukugira baryoheregwe uwo mwigeme hanyuma bihere.
Urundi rwaruka rubizobereyemwo kubera imyaka myinshi rukundanye rwemeza ko igitsina mu rukundo rw’imbere y’ubugeni atari karahara mu ruganda ntibacura ahubwo kwizerana n’uguhana utuganuke dutandukanye bikomeza imigenderanire.
Ata gitsina rurashoboka
Urukundo nyarukundo ntirufatira ku gitsina. Kenshi iyo urukundo rufatiye ku gitsina rurahera vuba kuko uko imisi ihera niko umwe muribo agenda araharuruka uwundi kuko ata gishasha aba akimwitezeko. Iyo umusore n’umwigeme bafashe ingingo y’ukuja mu rukundo baba bafashe ingingo y’ukujana mu rugendo rugana ku bugeni kandi muri ico gihe bafashanya muri vyose vyaba bibi canke vyiza.
Sifa* ati : « aho gufata imibonano mpuzabitsina nk’ikimenyetso c’ukwerekana ko ukunda uwundi, bikwiye kuba akaganuke utegurira umukunzi wawe uzomuha kuri wa munsi w’ubugeni bwanyu. Yemwe imibonano mpuzabitsina ni ishingiro ku bubakanye ariko atari ku bakundanye batararushinga. Iyo ukunze umuntu ntumukunda ngo kubera igitsina ciwe, ahubwo haba hariho ico washimye, icagukweze muri we. Uba wabonye ko kumbure hamwe mwoja mu rukundo hari ico mwogerako muri kumwe kikazobashikana kure mubufatanye bwanyu. »
Irinde kurwa muri uwo mutego
Yamara bisaba ikiguzi kidasanzwe. Iyo usanzwe ukunda umuntu w’igitsina gihushanye n’icawe hariho ico twokwita gukwegana gufatiye ku gitsina kandi ivyo naho woba uri « umunyampwemu » gute ntushobora kubikinga kuko niko umubiri wa kiremwa muntu uremwe. Kugira bikunde mugendane ata gitsina mushize imbere, ica mbere mutegerezwa kumenya ko bishobora kubazanira ingaruka mukirinda ico kintu cose cobibajanamwo cane cane guhurira ahantu hiherereye muri mwenyene kuko bishobora kuborohereza kandi umwe wese agatahura ko ari igikorwa ciwe kugira akingire uwundi kugira ntimurwe muri ico kibi.
Vyoba bifise ingaruka mbi?
Steve*, umusore wo mu gisagara ca Bujumbura yahoze aguruka nk’uko bakunze kubivuga agira ati : « jewe mbonye umukobwa yemeye ko ndamukorakora, hari akantu muri jewe ko kumugaya kaca kanzamwo kuko hari aho naca nibaza ko n’abandi bahungu abamerera vyoroshe nkanje gutyo bikantera kutamwizera neza. Tutari kumwe umutima nasanga wagumye mu kirere mu buryo ntatahura . »
Gukora imibonano mpuza bitsina mutarubaka bifise ingaruka mbi nyinshi. Umwe arashobora guca yanka uwundi, umwigeme agatwara imbanyi atipfuje gutyo akaba yishe kazoza kiwe ndetse n’ubuzima bwiwe. Aho rero ntitwoshobora kwibagira ko mushobora no kwandura indwara zisanzwe zifatira mu bihimba vy’irondoka tutibagiye na ca kiza ruhonya nganda Sida.
Yemwe ngo uwimbuye ikigega c’amagara ntabura ic’amasaka. Nimuteshwe mute ntihagire abaza barabayovya ngo imibonano mpuzabitsina imbere y’ukwubaka ikomeza imigenderanire mufitanye ahubwo iganisha ahamanuka ubuzima bwanyu.
Par Emmanuel Ndagijimana


We manwe uraba ubivuga ubikurikirza
JâaimeJâaime