Ukwiyunguruza mu masaha y’umugoroba mu gisagara ca Bujumbura ntivyoroha kubiyunguruza na za bus mu masaha y’umugoroba na cane cane ku baba berekeza hagati mu gisagara ca Bujumbura. Akenshi bararwanirwa n’abajejwe kubegereza imiduga basanzwe bazwi kw’izina ry’abakokayi. Naratembereye kuri Gare du Nord mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura nongera ndanayaga n’abantu.
Twese tuba twipfuza gufatwa nk’abami n’abo tugana iyo dufise ivyo turondera. Tuba duharanira gushikana ivyipfuzo vyacu nko gushika ku mwanya iyo twihuta iyo dufashe ingendo. Yamara, ku bakokayi hoho nta vya rejareja iyo bishakira kwuzuza bihuse ama bus y’abo bakorana.
Ugutwarwa nk’uwibwe
Ku bakunze gufata ingendo bavuye mu ma karitiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bo barabizi, na cane cane abegereye kuri gare du Nord ku mahwane ya Boulevard Mwezi Gisabo hamwe n’ibarabara ry’igihugu nimero imwe (RN1).
Ukirenguka, baragukangata, bakakugwanira hamwe utarya umutima amenyo woheba ukabinyugutura maze ugata urugendo. Uwugufashe ubwa mbere naho uba wemeye hari igihe haza uwumurusha inguvu akakujana mari-mari no muri bus “apakirira” ngo “ba”. Hari na bamwe mu biyunguruza basanga bacanwe mu nzira batipfuza ku bwo ukutaronka akanya k’ugushishoza mu gihe intwaga ziba zitereye.
Nivyo vyashikiye Flora, umunyeshure wo kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Avuga ko yigeze gufata bus maze yisanga yashikanwe mu gisagara ca Bujumbura hagati, mu gihe yarazi ko yururukira kuri Station yo hafi y’aho asanzwe aba.
Ego data wanje baradufata neza, ariko kuki batatureka ngo twigirire uguhitamwo tutanyabiranijwe ?
Nico kibazo cansya mu mutwe igihe nagenda gufata bus ku gatsinde, maze barangwanira. Buno nyene nihereranya gato uwaranshoreye kuri bus ndamubaza igituma haba izo ngwano.
Ngo bagwanira uduharage no kudufata nk’abami
Kurondera ubuzima si icoroshe, kugwanira gufata nk’umwami uwiyunguruza ku mu convoyeur yaburaniwe ni akagobotorandya ntasubirizwa. Niyo nyishu ya mbere nahawe na Issa, asanzwe ari umu kokayi ku gituro c’ama bus co kuri gare du Nord.
Yongerako ko hambavu y’ivyo baba baharanira kuronka abantu benshi bashoboka kuko ngo bahemberwa ku gitigiri c’abo begereje imodoka ziburunguruza.
Yamara insiguro ya mbere yampaye yoba yarimwo ukwanguha. Iyo gapapu bakora hagati yabo iva ahanini ku gutanguranwa kwuzuza imiduga yabo kugira buzuze kare maze bakore bisubiriza kenshi gashoboka narirya ku mugoroba ababa biyunguruza baba ari “ikiyaga”.
Nanje nkarangiza uku kwisebagura kwanje nibaza nti, Mbega bakokayi ko mudukubagura muduhora iki ? Ubwo uwotondekesha ku mirongo abashaka kwiyunguruza nk’uko bikorwa hagati mu gisagara ca Bujumbura ubwo ntivyogabanya iryo kubagurwa rikorerwa abiyunguruza ? Ariko ndaguye ndagarutse, imiryango yabo ntiyokora ku minwa. Ubwo uwobigisha uko bobikora neza ntivyogira ico biterereye ku bw’inyungu z’umutekano wa twebwe abiyunguruza ?

