Un oeil sur le Burundi ancien

#UburundiKera : umuzo w’abazungu wakiriwe gute ?

Muri kahise, abami bagisabwa bakaganza, abazungu baraje maze bahindura ibitari bike mu buryo abarundi babaho. Uko bigenjeje, uko bakiriwe n’uko babanye n’abarundi bagishika gushika basubiye iwabo kurerekana ukwihagararako n’ukurinda abarundi bari bafise.

Ibiterwa bishasha vyaraje (ibiraya, umuceri, inyanya, amashu…) , ugusenga gutunganywa ukundi, bukubandwa guhindurwa ukundi, vyose birahinduka. Imbere y’uko ivyo bihinduka, habanje kuza abazungu bavuye i Buraya bazanywe n’uguteza imbere ikibano nk’uko babivuga, ariko kandi baje guhindura uburyo bwo kubaho bw’abanyafrika ngo babusubirize n’ubw’i Buraya  nk’uko tubisanga mu nsiguro ya Leopolo wa kabiri ( LĂ©opold II) igihe yarungika ababirigi muri Afrika.

Bakiiriwe gute ?

Ryari irya mbere umurundi abonye umuntu w’urukoba rwera, afise ibikoresho bikomeye nk’ibirwanisho bicira umuriro kandi afise agakandamizo. Mu ntango rero, umwami Mwezi Gisabo ntiyihanganiye ico yita kuvogerwa n’umunyamahanga. Nico gituma  abadasigana (ingabo za Mwezi) baguma barikanuye kugira ngo bakingire umwami n’Uburundi kugira ngo igihugu nticigarurirwe n’abazungu. Uko kwihagararako rero n’abaganwa bavyumva kumwe, bagasenyera ku mugozi umwe mu kurwanya kavamahanga. Ivyo turabisanga mu ndirimbo z’umuririmvyi wo muri kahise Nkeshimana Emmanuel aho atubarira umuganwa Nganji yananiye ababirigi bagata bakomoka. Amajambo y’ubutwari bw’uwo muganwa ni ayo yishuye umuzungu Sigivu amubwiye ati « duhe igihugu canke tukwice.» Umuganwa yishuye ati: « igihugu si icana, igihugu si abana ». Ayo majambo akerekana ko umurundi atatinya gupfira igihugu kandi ko bari intatinya urukamvye.

Umuzungu yafatwa nk’ikimwenyi

Co kimwe no mu zindi ngwano zose, umwansi ntiyafatwa nk’umuntu, ahubwo yabonwa nk’igihume. Nico gituma twisunze amajambo ya wa mucuraranzi twavuga, dusanga aho kuvugana ngo « baragenda » akoresha imvugo ngo « biragenda ». Aho yari kuvuga ati barica, avuga ngo « birica » . Izo mvugo rero zikerekana ko umuzungu atafatwa nk’umuntu ahubwo yafatwa nk’ikimwenyi, igisigo canke igikoko kibi. Iyo shusho abazungu  bahabwa, yaraheza igafasha cane mu kubarwanya, kuko abarundi bari basanzwe ari abahigi. Kwica ibikoko vyari bimenyerewe. Tugaca twumva ko iyo shusho yatuma ukwica umuzungu bisa nk’ukwica igikoko kikubangamiye narirya ibikoresho vyakoreshwa mu guhiga nk’imyampi, umuheto, icumu n’ibindi ari navyo vyakoreshwa mu kurwanya abo banyamahanga.

Amazina bitwa yava kuki?

Nk’uko vyagenda ku mazina yose abantu bitwa, amazina abazungu bitwa yarava ku kuntu bakora n’ingene babana n’abarundi. Hari uburorero bw’amazina abazungu bahawe bivanye n’ingwano yabo.
 
Umuzungu Digidigi : abarundi mu ntambara bari bararwanye haba mu gushinga imbibe kuri Ntare Rugamba, haba mu kurwanira izo mbibe kuri Mutaga n’abandi bami, ntibari bwumve ikigwanisho gicira umuriro. Nico gituma umuzungu wambere  yakoresheje ibigwanisho nk’ivyo, bafatiye ku rwamo rwavyo (bruit du mitrailleuse) baciye  bamwita « Digidigi ».

Umuzungu Rujuguma : ingabo zose zaba iz’abazungu canke iz’umwami, zaba zifise uwuziyoboye. Umwe mu bazungu rero yaratema agatongora ku buryo abarundi bose bamwumvise bajugumira, niko kumwita « Rujuguma » ,nk’uko twabiyagiwe n’umutohoza kahise  Andereya*.

Umuzungu Sigivu: iryo rimenyekana insobanuro cane cane umuntu yihweje mu buryo bwimbitse ingene abadagi bakora mu kwigarurira uturere.  Igisirikare c’ubudagi, iruhande y’ukwica uwo wese yihagazeko akanka ubuyobozi bwabo, ibintu vyose barabiturira muri ako karere ku buryo hasigara ivu gusa (politique de la terre brĂ»lĂ©e). Kubera ko  uwatwara ingabo z’abo badagi ariwe yaba ahagarikiye iyicwa n’iturirwa ry’ibintu hamwe n’ugucura bufuni na buhoro abarundi, nico gutuma abarundi, bivuye no ku kuba amazina y’ukuri y’abazungu yari mu ndimi batazi, baciye bamwita Sigivu kuko, aho aciye  yasiga ivu gusa.

Rumariza: niko izina niryo umuntu.  Rumariza izina ryiwe ry’ukuri ni Muhamed Bin Khalufani. Ni umwarabu yateye mu buseruko bw’Uburundi kandi kubera ubutwari bw’ingabo ndundi, yagandaguriwe aho benshi bita ku mana za Murore, mu buseruko bw’Uburundi.
Rumariza ntiyari aje gutwara igihugu gusa kuko mu rugamba rwiwe harimwo gutwara abirabure akabagurisha mu bihugu vya Buraya na Aziya (traite negriaire). Nico gituma rero, azananye mu gihugu ca Tanzaniya, abo  yashobora gufata yarabatwara kubagurisha, abo adatwaye nabo akabica. Abahinga mu vya kahise baremeza ko izo izo mvo nyamukuru arizo zatumye yitwa Rumariza kuko aho yaciye yaramariza (bivuye mu giswahili « kumaliza » bisigura guheza).

Ivyo bintu  vyose twavuze, birerekana ko ukwikukira kutabaye ingabirano ahubwo abarundi bakurwaniye kuva ku muzo w’abazungu. Ugaca ku masezerano y’i Kiganda, ku ntwaro y’abadagi,kuy’ababirigi. Aho hose umurundi ntiyigeze aba sindabibazwa yapfuma ananirwa ariko yagwanye. Ku muzo w’abazungu rero, uko bakiriwe kurafitaniye isano na kamere k’abarundi mu kugwanira igihugu no mu kurondera kwiha iteka n’icubahiro mu bihugu bibanyi. Uburundi nico gihugu conyene muri kano karere cahakanye gutwarwa n’abanyamahanga maze kikaza gutwarwa kubera umunyamahanga akirushije inguvu z’ibirwanisho.

Par Thierry Bamporiki

Laisser un commentaire