Mu gihe isi yose imaze igihe yugarijwe n’ikiza ca Coronavirus, mu gisagara ca Rumonge baragerageza kuyikingira mu gukaraba neza n’isabuni mu bibanza nka vyose bihuriramwo abantu benshi. Ariko hakaba hakiriho agahaze mu kugirira isuku ibibanza bimwe bimwe.

Hambavu y’ikiza ca coronavirusi, Hariho ingwara nyinshi zishobora gusinzikaza abantu bivuye kw’isuku rike, aha twovuga nka cholĂ©ra, amacinya n’izindi. Mu gisagara ca Rumonge rero, womengo ntizikibaho, kiretse Corona. Mu bibanza bitari bike naciyemwo, usanga nka vyose ndetse no ku miryango yose y’isoko hari amazi n’isabuni vyo gukaraba, kandi abanyagihugu bakaba bavyitabira neza.
Igitangaje n’uko mu bibanza bimwebimwe vy’igisagara ca Rumonge usanga isuku atari ikirenga. Uburorero ntibubuze: ushitse mw’isoko nkuru ya Rumonge, na cane cane impande y’aho badandariza imboga z’amababi, irengarenga, isombe n’ibindi, usanga ikirundo c’imicafu , urusazi ruduma mbere n’umunuko urenze. Abadandaza bamwe twayaze , bavuga ko ico kirundo c’imicafu kibatera ingorane, mbere ko bafise ubwoba bw’ukwandura indwara zifatira kw’isuku rike. Uwo mwanda ukaba ukurwaho rimwerimwe ku wa gatandatu n’abifitiye indimo. Aho naho ngo biba vyamaze kubora. Kuri bo ngo vyari bikwiye ko bikurwaho uko umunsi uheze kugira nyo ntibirinde kubora ngo bibatere ingwara. Imikora (imifurege) itwara amazi ikikije isoko usanga amasashe n’ubucupa bwa plastiki n’iyindi micafu ariho vyibereye. Eka biribonekeza no mu mikora iri hambavu y’igituro c’imodoka zija i Bujumbura. Aho bagize ngo baragomorora naho, iyo micafu uyisanga hejuru ya nya mikora. Biboneka ko iyo imvura iguye bishobora gusubira muri nya mikora , gutyo bigaheza bikaja mu kiyaga Tanganyika.

Abanyagihugu bavuga kandi ko ikibazo c’iyarara mu Rumonge atari ica vuba kivugwa ngo n’abategetsi basanzwe bakizi ariko bikagorana ko gitorerwa umuti. Haheze amezi arenga umunani, Venant Birorimana, umuhanuzi wa musitanteri amenyesheje ko ikibanza kizojamwo iyarara cabonetse aho bita kuca kane ku rubibe rwa komine Rumonge na Buyengero. None hoba habuze iki kugira ico kibanza gitangure gukoreshwa?
Mu mazu y’uburiro ho vyifashe gute ?
Ushitse mu mazu amwamwe y’uburiro (restaurant) yo mu gisagara ca Rumonge, na canecane ayaherereye kw’ibarabara rya Birimba, usanga aho bategurira infungurwa hateye isoni, uravye ukuntu ibikoni batekamwo vyubatse, ndetse n’ibisigarira vy’imfungurwa ugasanga birunze aho nyene, mbere bamwe ntibibuke no gufundikira ibiribwa, abantu babica hejuru ndetse n’urusazi ruduma.

Ingaruka mbi zo ntizibuze
Indwara ziva kw’isuku rike nka CholĂ©ra, amacinya, inzoka n’izindi, nk’uko bivugwa n’abanonosoye ivyigwa vy’amagara y’abantu, ngo nizo zikunda kubangamira abantu bari ahantu harangwa n’isuku rike, ari naco gituma ngo vyari bikwiye ko abanyagihugu bijukira kugwanya isuku rike aho baherereye. Eka n’ibidukikije ngo birashobora kubangamirwa cane, na cane cane ibinyabuzima vyo mu kiyaga , narirya dusanzwe tuzi ko Tanganyika rufitiye akamaro kanini abatari bake.
Icokorwa
Turakwiye kumenya ko hambavu y’indwara ya Corona, hari ho izindi ndwara zituruka kw’isuku rike, kandi murizo harimwo izica ningoga mu gihe umugwayi atanyarukiye kwa Muganga. Mu kiyaya c’imbo nk’uko nkunze kubibona, nta mwaka uhera hadateye indwara ya CholĂ©ra ari naco gituma bari bakwiye kwitwararika isuku ku gwego rushimishije. Abatware barakwiye kurondera ikibanza cabigenewe cojamwo iyarara, ndetse n’imodoka ijejwe gusukura igisagara ku munsi ku munsi. Aho kurunda imicafu mu mikora itwara amazi mu kiyaga, ahubwo bokwitwararika kuyisukura ku mwanya ku mwanya kugira ibinyabuzima vyo mumazi bibashe kugwira, abakunzi b’akaboga ntibidoge.
Par Rénovat Ndikumwenayo

