Société

Ingabirano zo ku bugeni, atari uruhendo ni ukwiyerekana

Ingabirano zo kubugeni ni ikintu kinezereye kandi gishigikira abarushinze, bakumva ko batari bonyene ariko ko bashigikiwe n’incuti ababanyi n’abagenzi. Naho biri uko, hari abemera kugaba ariko bigaherera mu mvugo gusa.

Crédit photo : Yaga

Si ak’ubu, kuva kera ingo nshasha zamye zihimbara abitavye ibirori vy’ubugeni. Abarushinze baragabirwa bigahera ku bavyeyi, abarezi, ababanyi, incuti n’abagenzi bagakurikira. Eka uwufise umunezero wese afise ico agaba akagaba. Kubera ko kenshi hagabwa inka, abazitanze bose basaba abahejeje kurushinga ko botora umusi bakagana irembo bagiye gukomoza amasho bemerewe na nyene kubagabira. Ivyo rero vy’ukwemera ingabirano zitandukanye na bugingo n’ubu biracakorwa. Igisigaye kumenyekana ni igihe zishikiririzwa.

Tugereranije n’umugirwa wo hambere, gukomoza ingabirano vyari ibindi birori, abantu bagatumirwa amajambo akavurwa, bagatamba bagatarika, uwagabiwe agashikirizwa,  abo bagendanye bakamukuza ubwatsi, agashorera ingabirano bene umurango bakoranye.
Uno musi ndibaza nimba hari abahora bitaba ibirori vy’ugushikirizwa ingabirano ziba zemewe k’ubugeni. Birashoboka ko izo manza ziba, ariko mu myaka maze, sinditaba na rumwe.

Ukuri kungana iki?

Wawundi ati :  » inkuru mbarirano irutwa n’iyo wiboneye » ,  abantu bamwe bamwe twaganiriye bambwiye ko uwukwemereye ku kugabira mu rubanza, ntugasye bwose ngo ugiye kugabana. Bati nyabuna uwukugabiye vy’ukuri ni urya yaje yitwaje iyiwe ngabirano. Simvuze ko abagaba bose badashira mu ngiro ivyo bemeye ariko mvuze ko hari abagaba ntibashikane. Nkibaza nti uwugiye mu rubanza akagenda atagavye n’uwugiye akagaba ariko ntashikane ni nde aba ateye iteka urugo rushasha? Niyumvira ko ari uwihoreye kuko  » uwihoreye ahonga bike  » sije ndabivuze ni abasokuru bayamaze.

Uko biri kose, si kubera ko uwagabiwe atazoza gutora ingabirano ziwe ko twoca dutanga ivyo tudafise. Abemera ingabirano bamwe bamwe baba bazi neza kwari ugusiga inkore ku maso abarushinze.

Uruhendo n’ukwiyerekana

Hari utubazo nibaza ku vyerekeye ingabirano zo ku manza z’ubugeni. Ni kubera iki iryo jambo ry’ukugaba ryahawe ikibanza? Kuberiki hari abarikunda gushika aho bagaba kandi bazi neza ko batazoshira mu ngiro ivyo bemeye? Kumbure iryo jambo ryoba rifise ikibanza kugira imico n’imigenzo ntibitakare kuko umugenzo w’ubugabire wamyeho. Ariko naho wahamye sinibaza ko uko wakorwa vyoba bigishoboka ko ukorwa. Abarundi baratahuye ko  » ikinyoni kigurutse kitavuze bacita icana.  » Ndibaza ko uwo mugani woba uri mu bituma abantu bagaba atari mu ntumbero y’ukugabira uwemerewe koko ariko ari ukugira ngo ntatahe atavuze kuko bomugaya bivanye n’ikibanza afise mu muryango w’abarushinze.

Ko bibandanije uko hoba harico vyonona nta vyinshi ndabiziko. Ariko ndakeka ko kitabuze. Mu manza haba harimwo abana mbere rimwe na rimwe ugasanga na barya bagavye muri ivyo birori harimwo abana babo b’imiyabaga. Mbega abo bana bazokura bumva umuvyeyi wabo yemera ubuki ategeka, ukuri kuzoba kungana iki muri bo ni bakura ?

Icubahiro gipfuye

Ego niko abantu bazotwubaha kubera twahagurutse tugashikiriza ijambo tukagaba, ariko ico cubahiro turonka no muhira tuzokigumana? Mu myaka iheze umushingantahe kugira ngo ashikire ibanga nyezina ry’ubushingantahe, yarasaba intahe,akaja mu mutamana hanyuma akatirwa akazezwa amabanga akomeye mu kibano agatunganiriza abatase n’ibindi,n’ibindi. Iryo banga kugira ngo arishikire yabanza kwihwezwa neza ko ari umushingantahe w’ijunja n’ijambo, atari ndarisize aho, atayaga amasigaracicaro, adatinya igitsure kandi ko ari imvugakuri. Kuvyerekeye ivyo tuvuga na za ngabirano twama twemera mu birori vy’ubugeni zirimwo. Nkibaza rero nimba umuntu ari mu mutamana yinamuye agashikiriza ijambo akabwira abarushinze ati « mu ruhusha rukurikira muzoze ndabagabire ya mwaka  » kandi ababanyi bazi neza ko mu rugo iwe ata nka ihataha eka ata naho yayibikije, yoheza akatirwa. Sindabizi ariko ndafise amakenga ko atokwatirwa. Nivyaba ari uko rero, bisigura ko rya jambo ry’ukugaba atari iryo gufata minenerwe.

Aba kera bati  » nzi kugorora yavunye ibano « , ugushaka kuguma ku mico mu vyerekeye ubugabire bishobora kubangamira ubushingantahe n’ubuvugakuri bwacu.Tutabaye maso, umuco twashaka kugumana tuzosanga turiko turawuta tutabiciye n’ikanda.

Laisser un commentaire