Aho hambere, gushaza kw’umwigeme canke kw’umupfasoni cari igikorwa ntasubirizwa.Mu gushaza, barambara imigufu,ubudede(ubuyeye), imiringa n’ibindi vyinshi.Mbega ubu vyoba bigifise insiguro imwe n’iya kera?

Ni ikizira ko bobukubonana
Ubuyeye canke ubudede bwo bwari imice ibiri. Hari ubuyeye bambara ku maguru n’ubwo bambara mu nda.
Naho kwari ugushaza, ubuyeye bwo mu nda abantu benshi ntibabuvugako rumwe, bigatuma batanga insiguro zitandukanye!
Sandra ati : » je nakuriye mu muryango ivyo kwambara ubudede ku maguru ntabibonana bakuru banje ndetse no mu muryango wacu; na cane cane ko ari umuryango w’abakristu. Ikizira co ni ukukubonana canke kuvuga ubudede bwo mu nda. » Sandra arabandanya adusigurira ko babukubonanye mu kibano bagufata nk’uko uri muri bamwe badandaza imibiri yabo canke ko uri umwigeme yananiranye irera. Ivyo bikaba bitandukanye n’insiguro abo mu muryango w’aba isilamu batanga ku kwambara utwo tudede mu nda. Kubwa Asha Hassan, umukenyezi w’imyaka mirongo ibiri n’umunani, kubwiwe, ngo ubudede bwo mu nda babwambika abana b’abigeme bakiri bato ngo bazogire « taille » (inyubako y’umubiri) nziza. Asha Hassan arongera ati : « ubwo budede bwambara abakenyezi bubatse kugira mugihe c’ibanga ry’abubatse habe itandukaniro riri hagati y’umugore n’umugabo,âŠ. »
Ubudede bwo mu nda buri mu bintu vya mbere batekerera umwigeme agiye kwubaka urwiwe.
Aho hambere!
Umukurambere Gatoni we atumenyesha ko kuva kera na rindi abigeme n’abapfasoni bashaza. Muvyo bakoresha, ubuyeye bwarimwo kandi ngo ntawe bafata ko yahonyanze umuco w’ikirundi. Ivyo bisa nk’ivyo abubu baha insiguro muri bo bakumvako ari ivy’ukuri ariko bashaka gukingira inyungu zabo mugabo ugasanga biri kure n’iyo n’umuco w’ikirundi. Bakaba babiha insiguro yo gushaza ata kindi cari cihishije inyuma.
Kudahanahana imico n’imigirwa y’aho hambere urunganwe kurundi biri mu bituma ibintu bimwe vyaranze abaho hambere yaba ukwo gushaza, ibizira vyibagiranwa nakare ngo ukuri gushirira mu kuyaga uwambaye, ubudede ntagafatwe nk’uwarenze ihaniro ahubwo ko bakwiye kubiha agaciro kuko biri mu bifasha umunarugo gushaza.
Kelly Christa Ingabire

